ITANGAZO
RYISHIRAHAMWE Association Action Santé
Communautaire
« ASCO »
MUGUHIMBAWA UMUNSI
MPUZAMAKUNGU WAHARIWE GUKARABA IMINWE N’AMAZI NISABUNI IGENEKEREZO RYA 15 GITUGUTU 2016.
Kw’igenekerezo RYA 15 GITUGUTU
2016, umwaka ugira Icenda hahimbazwa
UMUNSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE
GUKARABA IMINWE N’AMAZI N’ISABUNI.
Ishiraha, we ASCO ryishinze gutezimbere
Amagara meza rusangi ribicishije muguhimiriza
abantu kugira isuku n’ugukungira ibidukikije riboneye ho akaryo ko guhimiriza abarundi kugira
umugenzo wo gukaraba iminwe n’amazi
n’isabuni kugira twikingire indwara
ziterwa n’isuku rike hanwe kandi nukubamenyesha ingarukambi ku magara yacu biturutse kw’isuku rike.
Uno
mwaka 2016, uyu munsi MPUZAMAKUNGU
WAHARIWE GUKARABA IMINWE N’AMAZI
NISABUNI tuwuhimbaje twisunze iki civungo « TUMENYERE GUKARABA N’AMAZI MEZA
N’ISABUNI »
Dushaka gukangurira
abantu bose nacane cane abarundi bose kumenya akamaro kuwo mugenzo wa gukaraba
n’amazi meza n’isabuni kuko ni bwo buryo bworoshe, buzimbutse kandi burashe bwo kwikingira indwara.
Twijukire
rero gukaraba iminwe n’amazi mewa nisabuni kubera ni urucanco ruwimbutse mugukinga
indwara rukongera rukarokora ubuzima
bwabantu benshi na cane cane abana batarakwiza imyaka itanu.
ASCO
iboneye ho akaryo ko guhimiriza abantu bose gukaraba namazi n’isabuni ibihe
bitanu nyamukuru arivyo vyibi: imbere yo gutegura imfungurwa, imbere yo
gufungura, imbere yo kwonsa umwana, inyuma yugukoresha akazu ka surwumwe
n’inyuma y’ugutegura umwana yagize umwanda mukuru.
ASCO
iribukije ko ukutagira isuku, isuku rike hamwe no kudakaraba n’amawi meza
n’isabuni
Bituma
indwara zibiza nka Choléra ; umusonga (Pneumonie), agasama (rougeole, )
indwara zamaso (trachome, conjoctivite), typhoïde, grippe, igituntu
(tubercuose) Imibembe(lèpre), Hépatite n’inzoka zo munda (vers intestinaux)
cane cane ascaridiase na trichocéphalose
hamwe n’izindi ndwara dushobora kwikingira ziyongera kubwinshi.
Umugezo
woroshe, uzimbutse kandi ngirakamaro, ugukaraba n’amazi meza n’isabuni bituma
indwara zo gucibwamwo zigabanuka kurugero rw’ibice 44kw’ijana (44%) n’ica
gatatu kw’ijana c’indwara z’uguhema nabi n’umusonga kubana bari munsi y’imyaka itanu.
ugukaraba
n’amazi meza n’isabuni basanwe aribwo buryo bwo gukinga indwara buzimbutse
kandi bushobora gukiza ubuzima bw’abantu benshi nacane cane abana kuko aribo
bagera,irwa n’izo ndwara kurusha abandi.
Nanone
ugukaraba n’amazi meza n’isabuni iyo tubikoze neza kandi tuka bigira
umugenzo ni urucanco rukomeye tuba
twihaye kandi rudufasha gukunga indwara
n’ukurokora ubuzima.
Ugukaraba
n’amazi meza n’isabuni inyuma y’ugukoresha akazu ka surwumwe n’inyuma
y’ugutegura umwana yagize umwanda mukuru birazitira kwandura imigera
itandukanye n’inzoka zitera indwara zo gucibwamwo.
Mukurangiza, ASCO iramenyesheje abarundi
bose ko gukaraba n’amazi meza n’isabuni ari nkenerwa ku muntu wese kugira agira
amagara meza.
TUMENYERE GUKARABA N’AMAZI MEZA
N’ISABUNI »
Iminsi yose Dukarabe n’amazi meza
n’isabuni twirinde Indwara !
Théophile NDAYISENGA
REPRESENTANT
LEGAL DE L'ASCO
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire