lundi 13 novembre 2017

GUHIMBAZA UMUNSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE GUKARABA NAMAZI NISABUNI

UMUNSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE GUKARABA NAMAZI NISABUNI
Umunsi ugira umunani uhimbajwe hisunzwe icivugo « IMINWE YACU NIYO KAZOZA KACU »
Ø Uno munsi duhimbaza buri mwaka kwisango rya 15gitugutu ufise intumbero yo kudukangurira kugira inyifato n’umugenzo wo kugira isuku kubanyagihugu bose na cane cane Ku bana kugira twikungire indwara zandukira biciye mw’isuku rike .
Ø Ishirahamwe Action Santé Communautaire ASCO mumpfunyapfunyo ryiyemeje guteza imbere amagara meza rusangi ribicishije muguhimiriza no kwigisha ibijanye n’isuku hamwe no gukingira ibidukikije ariyo nkingi y’iterambere rirama
Ø Ishirahamwe ASCO ririfatanya n’amakungu muguhimbaza uwo munsi MPUZAMAKUNGU WAHARIWE GUKARABA NAMAZI NISABUNI Mu ntumbero yoguhimiriza abantu bose akamaro kogukaraba iminwe namazi meza n’isabuni. Umugenzo ukomeye mubijanaye n’iterambere rirama mu mibano cane cane ku bibondo bo Burundi bwejo nakazoza k’igihugu cacu. 
Ø Ugukaraba iminwe namazi nisabuni mubihe bikwiriye birarokora ubuzima
Ø Turashobora guhagarika indwara kubera kugirira isuku iminwe
Ø Ibice mirongo ibiri kwijana vyindwara zuguhema nabi turashobora kuzikingira mugihe dukaravye neza iminwe.

Ø Ugukararaba iminwe n’amazi nisabuni birakingira indwara cane cane abana , abanyeshure barikwishure bakaja gukina mukibuga bakaja mu kazu ka surwumwe bakongera bakaja kugura utwo bafungura haba kuma butike yishure canke ayegereye hafi yaho bigira batigeze bibuka gukaraba imwe yabo n’amazi nisabuni neza.
Ø « Mubihugu bikenye niho umugenzo wogukaraba iminwe n’amazi nisabuni birikurugero rwohasi cane ugereranije nahandi mubihugu bitunze naho uwo mugenzo ari ngirakamaro kumagara yibibondo. » nkuko bishikirizwa nishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana UNICEF.
Ø « Iterambere mubijanye nisuku bibwirizwa kwunganira ibijanye n’ukuronka amazi meza n’isuku kuko ivyo bibuza abana babandanya kugeramirwa n’indwara zoroshe  kwikingira nk’indwara zogucibwamwo » ivyo biremezwa nishirahamwe mpuzamakungu UNICEF.
Ø « Dufise amazi meza tukagira utuzu twa surwumwe hamwe n’ukugira isuku na cane cane gukaraba n’amazi meza n’isabuni  niyo nkingi ya gatatu ishigikira ihangiro ry’amazi meza n’isuku »
« Bakivuka, iminwe icafuye y’abakirizi irashobora kwandukiza abana imigera y’indwara zikomeye, mu buto bwabo, haba kw’ishure canke mu mihana imuhira umugenzo wo gukaraba iminwe n’amazi n’isabuni ni nkenerwa ku magara y’ibibondo.
Ni imwe mu ntererano zitazimvye zoroshe kandi ngirakamaro mubijanye n’amagara meza
Ø Kubiharuro vy’ifatiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU abana barenga 800 ku 1400 bahitanwa n’indwara yo gucibwamwo biva kubukene bw’amazi meza, utuzu twa surwumwe n’isuku rike.
Ø Mu minsi yambere y’ubuzima abana bafise imyaka  mike nibo bakarirwa gusumba abandi n’indwara zandukira  bivuye ku minwe idakaravye neza.

Ø Vyongeye gukaraba iminwe n’amazi  meza n’isabuni ni imwe mungingo zituma indwara zandukira zigabanuka

Ø Mugukaraba iminwe n’amazi meza n’isabuni kugira tugabanye bimwe biboneka indwara zica nko gucibwamwo, indwara zoguhema nabi (inkorora,  umusonga, igituntu…).
Ø Uguhimiriza abantu benshi kubijanye n’ingaruka mbi ziturutse kw’isukurike rivuye no kukudakaraba neza iminwe  dukoresheje amazi n’isabuni.
Ø Kubera ugukaraba neza kandi iminsi yose n’amazi n’isabuni birashobora kugabanura incuro zibiri ibitigiri vy’abana bicwa n’indwara zo gucibwamwo.
Ø Amazi ubwayo arafasha cane mu gukinga ndetse no mukuvura indwara nyinshi : turakoresha amazi mugukinga no kuvura indwara zo gucibwamwo murazi ko ariyo bakoresha mugukora amazi arimwo ivyunyunyu bavuza uwurwaye indwara zo gucibwamwo.

Ø Ugukaraba iminwe n’amazi n’isabuni igihe tuvuye mukazu kasurwumwe  n’imbere yo gufungura canke gutegura ibifungurwa birafasha mugukinga indwarazo gucibwamwo.
Ø Musanzwe muziko iyo umuntu abuze amazi mu mubiri umubiri utakaje amazi acashobora kwitaba imana.

Ø Mubitaro no kwamuganga barakenera amazi meza  yo kunywa, kugira isuku  kwiyoga gukaraba gukoropa no kumirisha imiti. Iyo amazi akenye rero imigera y’indwara iriyongera ikandukira ihereye kumuntu umwe ashobora kwabdukiza uwundi canke benshi
Ø Twovuga mu majambo make ko amazi meza bisigura itanduzaniro  hagati y’ubuzima n’urupfu.
Ø TUMENYE KANDI KO UMUNTU ASHOBORA KUBAHO IMINSI MYINSHI ATAMFUNGURWA AFISE MUGA ADASHOBORA KUMARA IMINISI ATA MAZI AFISE.
NONE Umuntu wese akenera amazi angana gute buri munsi ?
ü Akenera hagati y’ilitiro rimwe n’atatu yamazi yo kunywa, agakenera hagati y’amalitiro 2 natatu y’amazi yo gutegura no kuronga imfungurwa, akenera amazi ari hagati y’amalitiro 6 na 7 yokugira isuku ryumubiri wiwe akongera agakenera hagati y’amalitiro 4 na 6 y’amazi yo kumesura ivyambarwa. Yose hamwe dusanga umuntu wese akeneye amazi ari hagati y’amalitiro 15 na 20 ku munsi .
ü Barundi ; Barundikazi, Barezi namwe Rwaruka, bibondo arimwebwe burundibwejo, turumvise ko icivugo cu no mwaka kitwibutsa ngo “IMINWE YACU NIYO KAZOZA KACU” 
ü TWESE HAMWE TUGIRE UMUGENZO WOGUKARABA IMINWE N’AMAZI MEZA N’ISABUNI GUTYO TUBE TUZITIYE INDWARA ZITERWA N’ISUKU RIKE
ü BIBONDO TUGIRE AKAMENYERO KO GUKARABA IMINWE YACU N’AMAZI MEZA N’ISABUNI
ü TWIKINGIRE INDWARA ZO GUCIBWAMWO NI ’ IZO GUHEMA NABI
ü BAVYEYI DUKARABE IMINSI YOSE IMBERE YO GUTEGURA IBIFUNGURWA
ü DUKARABE IMBERE N’INYUMA YO GUFUNGURA
ü DUKARABE TUVUYE MUKUKAZU KA SURWUMWE
ü DUKARABE DUHEJE GUTEGURA UMWANA
ü DUKARABE IMBERE YO NKWONSA UMWANA
ü BARUNDI BARUNDIKAZI NI TUZITIRE TUTARONERWA
ü NAKARE NGO AMAGARA NI AMAZI ASESEKA NTIBAYORE VYONGEYE NI ITUNGA RIDASUMBUSHWA
ü NIDUSANGWE AMAHORO NAMAGARA MEZA KURI TWESE !!!!
ü MURAKOZE CAANE!!!!!!!!


Isidore Horugavye