samedi 15 octobre 2016

célébration de la Journée Mondiale de Lavage des Mains : 15 octobre 2016

Communiqué de presse de l’Association Action Santé Communautaire « ASCO » à l’Occasion de la célébration de la Journée Mondiale de Lavage des  Mains : 15 octobre 2016 

En date du 15 octobre 2016, à l’occasion de la célébration de la 9ème édition de la Journée Mondiale de Lavage des Mains, l’Association Action Santé Communautaire ASCO saisit l’opportunité de sensibiliser la population  burundaise de faire la promotion du lavage des mains, sur les conséquences d'une mauvaise hygiène, et de rappeler l’importance du lavage des mains pour la santé.
Cette journée mondiale est célébrée sous le thème  « Faisons le  lavage des mains une Habitude ! »  Elle est dédiée à accroitre  la sensibilité sur l’importance du lavage des mains avec du savon comme un moyen efficace et abordable de prévenir les maladies.
Ainsi, faisons  le  lavage des  mains une habitude  car il prévient à   fois  les maladies et impacte la nutrition.  Se laver les mains avec du savon est plus efficace que le vaccin. Aussi, le lavage des mains ne coûte rien mais il peut sauver plus de vies que n'importe quel vaccin. C’est pourquoi l’ASCO voudrait encourager les  gens à se laver les mains avec du savon aux moments critiques :
avant de préparer le repas, avant de manger, avant d’allaiter un bébé, après avoir utilisé les toilettes et après avoir changé les couches du bébé.

Les mauvaises pratiques hygiéniques et le non- lavage des mains sont à la base  de la persistance du choléra, des infections respiratoires,  de la rougeole, la typhoïde, la grippe, le trachome, la Tuberculose, la lèpre, l’hépatite et les vers intestinaux, en particulier l’ascaridiase et la trichocéphalose et bien d’autres maladies évitables.

Geste simple mais combien économique et efficace, le lavage des mains contribue à lui seul à la réduction de 44% de maladies diarrhéiques et près d’un tiers des  infections respiratoires aigües surtout chez les enfants de moins de 5 ans. Il se révèle donc comme  une solution préventive, simple et moins couteuse pour sauver de nombreuses vies, surtout celles des enfants  qui constituent la principale cible des maladies.

Cependant, le lavage des mains avec  de l’eau e et du savon est un “vaccin à faire soi-même” qui, lorsqu’il est pratiqué correctement et régulièrement, prévient les infections et sauve des vies.

Le lavage des mains avec du savon après contact avec la matière fécale, d’utiliser les toilettes ou le nettoyage d’un enfant empêche la transmission des bactéries, des virus, et des protozoaires qui causent des maladies diarrhéiques.

Enfin, faire le lavage des mains est important pour chaque personne,   partout  et pour  une bonne santé,   lavons–nous les mains avec du savon !  et  « Faisons le  lavage des mains notre Habitude ! » 


POUR L’ASCO

Théophile NDAYISENGA

REPRESENTANT LEGAL

UGUHIMBAWA UMUNSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE GUKARABA IMINWE N’AMAZI N'ISABUNI IGENEKEREZO RYA 15 GITUGUTU 2016

ITANGAZO RYISHIRAHAMWE  Association Action Santé Communautaire « ASCO »
MUGUHIMBAWA UMUNSI MPUZAMAKUNGU  WAHARIWE GUKARABA  IMINWE N’AMAZI NISABUNI   IGENEKEREZO RYA 15 GITUGUTU  2016. 
Kw’igenekerezo RYA 15 GITUGUTU  2016,  umwaka ugira Icenda   hahimbazwa  UMUNSI MPUZAMAKUNGU  WAHARIWE GUKARABA  IMINWE N’AMAZI N’ISABUNI. Ishiraha, we ASCO  ryishinze gutezimbere Amagara meza rusangi ribicishije muguhimiriza  abantu kugira isuku n’ugukungira ibidukikije  riboneye ho akaryo ko guhimiriza abarundi kugira umugenzo wo gukaraba  iminwe n’amazi n’isabuni  kugira twikingire indwara ziterwa n’isuku rike  hanwe  kandi nukubamenyesha ingarukambi  ku magara yacu biturutse kw’isuku rike.

Uno mwaka  2016,  uyu  munsi  MPUZAMAKUNGU WAHARIWE GUKARABA  IMINWE N’AMAZI NISABUNI tuwuhimbaje twisunze iki civungo « TUMENYERE GUKARABA N’AMAZI MEZA N’ISABUNI » 

Dushaka gukangurira abantu bose nacane cane abarundi bose kumenya akamaro kuwo mugenzo wa gukaraba n’amazi meza n’isabuni kuko ni bwo buryo bworoshe, buzimbutse  kandi burashe bwo kwikingira indwara.

Twijukire rero gukaraba iminwe n’amazi mewa nisabuni kubera   ni urucanco ruwimbutse mugukinga indwara  rukongera rukarokora ubuzima bwabantu benshi na cane cane abana batarakwiza imyaka itanu.
ASCO iboneye ho akaryo ko guhimiriza abantu bose gukaraba namazi n’isabuni ibihe bitanu nyamukuru arivyo vyibi: imbere yo gutegura imfungurwa, imbere yo gufungura, imbere yo kwonsa umwana, inyuma yugukoresha akazu ka surwumwe n’inyuma y’ugutegura umwana yagize umwanda mukuru.

ASCO iribukije ko ukutagira isuku, isuku rike hamwe no kudakaraba n’amawi meza n’isabuni
Bituma indwara zibiza nka Choléra ; umusonga (Pneumonie), agasama (rougeole, ) indwara zamaso (trachome, conjoctivite), typhoïde, grippe, igituntu (tubercuose) Imibembe(lèpre), Hépatite n’inzoka zo munda (vers intestinaux) cane cane ascaridiase na  trichocéphalose hamwe n’izindi ndwara dushobora kwikingira ziyongera kubwinshi.

Umugezo woroshe, uzimbutse kandi ngirakamaro, ugukaraba n’amazi meza n’isabuni bituma indwara zo gucibwamwo zigabanuka kurugero rw’ibice 44kw’ijana (44%) n’ica gatatu kw’ijana c’indwara z’uguhema nabi  n’umusonga kubana bari munsi y’imyaka itanu.
ugukaraba n’amazi meza n’isabuni basanwe aribwo buryo bwo gukinga indwara buzimbutse kandi bushobora gukiza ubuzima bw’abantu benshi nacane cane abana kuko aribo bagera,irwa n’izo ndwara kurusha abandi.
Nanone ugukaraba n’amazi meza n’isabuni iyo tubikoze neza kandi tuka bigira umugenzo  ni urucanco rukomeye tuba twihaye kandi   rudufasha gukunga indwara n’ukurokora ubuzima.
Ugukaraba n’amazi meza n’isabuni inyuma y’ugukoresha akazu ka surwumwe n’inyuma y’ugutegura umwana yagize umwanda mukuru birazitira kwandura imigera itandukanye n’inzoka zitera indwara zo gucibwamwo.

Mukurangiza, ASCO iramenyesheje abarundi bose ko gukaraba n’amazi meza n’isabuni ari nkenerwa ku muntu wese kugira agira amagara meza.
 TUMENYERE GUKARABA N’AMAZI MEZA N’ISABUNI » 

Iminsi yose Dukarabe n’amazi meza n’isabuni twirinde Indwara !
Théophile NDAYISENGA
REPRESENTANT LEGAL DE L'ASCO

jeudi 13 octobre 2016

IJAMBO RY'UGUHIMBAZA UMUNSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE GUKARABA IMINWE N'AMAZI N'ISABUNI 15 Gitugutu 2016


Nyakubahwa Buramatari (uwaserukiye)w’intara ya Bubanza,
Nyakubahwa Musitanteri w’i komine ya Gihanga ;
Nyakubahwa Muganga arongoye akarere k’ubuvuzi Disctrit sanitaire bwa Mpanda, Bavuzi ;
Banyakubahwa bakenguzamateka  n’abashingamateka, batowe mu ntara ya Bubanza  ;
Banyakubahwa bayobozi b’indero muntara ya Bubanza; Bayobozi b’indero muri Komine Gihanga, bayobozi b’ishure Nshingiro ya Ninga, Barezi, Bavyeyi, Bibondo

Tugire amahoro,  Tugire umugenzo wogukaraba n’amazi meza n’isabuni twikingire indwara, tugire amagara meza !

Turi n’iteka ryo gushikiriza ijambo imbere yanyu mwese kw’izina ry’ishirahamwe ASCO ryiyemeje guteza imbere amagara meza rusangi  ribicishije muguhimiriza no guteza imbere ibijanye n’isuku ; amazi meza no gukingira ibidukikije vyo nkingi y’iterambere rirama.
Dutanguye gushimira mwese mwitavye akamo n’ubutumire bw’ishirahamwe ASCO, kubera mwaje kwifatanya natwe mu guhimbaza umunsi mpuza  makungu wahariwe gukaraba iminwe n’amazi meza n’isabuni. Uhimbajwe ubugira icenda kumva mu mwaka wa 2008, ukaba uhimbazwa italiki 15 gitugutu  uko umwaka utashe. Uno munsi tuwuhimbaje twisunga iki civugo « TUMENYERE GUKARABA N’AMAZI MEZA N’ISABUNI »
Duhiriwe duhishije uno munsi mpuza makungu duhimbaje uhuriranye n’ihimbazwe ry’umunsi mpuza makungu w’umukenyezi  w’umurimyi (femme rurale) ninaco catumye dushima kuwuhimbariza muri ino Komine ya Gihanga kubera ko abakenyezi birimizi arinabo bitwararika ivyisuku mu miryango bakongera bakagira ingaruka mbi hamwe n’ibibondo mukwandira indwara ziva kw’isuku rike, ubukene bw’amazi meza hamwe nindwara zo gucibwamwo. Ivyo navyo biga subiza inyuma umwimbu mu miryango ; ugutakaza umwanya w’ivyirwa ku bibondo, umwanya wo kwikenura ndetse bigasaba n’uburyo bwo kwivuza  vyose bikaza vyunyura ubutunzi bw’igihugu.
Benegihugu, mwese shigikira umugambi w’isuku mukubaka utuzu twa surwumwe, mukarabe n’amazi n’isabuni kandi muhimirize n’abandi kubigenza gutyo. Muzoba mukijije ubuzima bw’abantu kandi mugabanije indwara !

Bamenyesha makuru ; kugira isuku bigereranywa k’urugero rumwe n’agateka ka kiremwa muntu ; ariko umenga ni ivyabifise gusa, nico gituma tubatumiye gushikana ijwi  ryanyu kure mu guhimiriza abarundi kwijukira kugira isuku mubicishije mubiganiro muzotunganya ku maradiyo no mu nyandiko mu bimeyenshamakuru vyanyu.

Banyakubahwa bashingamateka n’abakenguzamateka ; barongozi bohejuru munzego za Leta, ukubura uburyo bwo kwubaka inyubakwa rusangi mubijanye n’isuku birageramiye  iterambere tumaze gushikako mu bijanye n’amagara y’abantu, n’indero y’ibibondo hamwe ibijanye n’inyubakwa za mazi meza. Ni co gituma ugutezimbere ibijanye n’isuku bituma abavyeyi bagira amagara meza ndetse n’ibibondo bigakura neza arinavyo bituma igihugu cacu kigira umwimbu mubijanye n’ubutunzi.

Bavyeyi ; nimuharanire umutekano, ukubaho neza n’amagara meza y’imiryango yanyu. Naho abavyeyi benshi  batavyemera neza, Umwanda mukuru w’abana bato n’inzoya urimwo imigera y’indwara nyinshi na cane cane indwara zogucibwamwo nazo zigatuma abana batakaza igikuriro, basiba ivyigwa iyo barwaye hamwe n’ukuroranirwa mu magara yabo ; abavyeyi bagatakaza umwanya wo kwikenura n’amafaranga yo kubavuza.
Bibondo ; imigera y’indwara iri mu mwanda mukuru si myiza kandi ituma murwara ariko murashobora kuyirinda mu gukaraba n’amazi n’isabuni iminsi yose iyo muvuye kwituma canke muvuye mukazu ka suryumwe (toilette). Ngico ico muzofata nka nkama mukanakibarira abandi bagenzi banyu.

Rwaruka  imigenzo yo kugira isuku ikingira indwara umuntu hamwe n’abandi cane cane abo akozeko canke aramukije. Mugire akamenyero rero ko gukaraba n’amazi n’isabuni iminsi yose iyo muvuye kwituma canke muvuye mu kazu ka suryumwe. Mugutezimbere umugenzo w’ukugira isuku, ni ugutanga akarorero keza.  Namwe rero  ni muyagire ico muzi abavyeyi banyu n’abagenzi kubijanye n’isuku. Bayagire ingene ari nkenerwa gukoresha neza hamwe n’ukubaka utuzu twa surwumwe aho muhira mubaye.

Barezi namwe bigisha mu gisata c’indero, indwara z’ugucibwamwo zituma abana benshi batakaza imillioni nyinshi z’iminsi y’inyigisho buri mwaka w’ishure. Ariko gukaraba n’amazi n’isabuni birashobora kugabanya icakabiri c’indwara z’ugucibwamwo.

Umugenzo w’ukugira isuku muwigishije abarerwa kw’ishure uzoca ukwira no mumibano yose  aho muherereye ndetse  ingaruka nziza z’ukugira isuku zihinduke umugenzo w’ubuzima bwose.

Barongozi bose ko kumitumba, mu birwati ; Barongozi ba gacimbiri, baremesha kiyago ; mboneza ; bakenyezi, kubera inyubakwa z’isuku ziba rusangi canke izo mu mihana yanyu, ni mwazigirira isuku mukazikoresha neza,  imibano yanyu izotera imbere kubera mufise amagara meza. Dukorere hamwe kugira uyu mugenzo w’ukugira isuku ukwire hose ndetse duhindure ingendo yo kwihagarika  no kwituma mugahinga mwishamba kuko inkurikizi zavyo zibangamira amagara yacu, ayibibondo vyaci nay’imiryango !
Banyakubahwa mwihebeye Imana ; Barongozi b’amashengero, bakuru b’imibano rukristu. Amadini menshi arigisha abayoboke umugenzo wo gukaraba n’ukwisukura ;  ukwityorora imbere yo gusenga hamwe no gukoresha amazi mu kugira iyindi migirwa nacane cane ibatisimu. Barashimangira ku nyigisho iraba akamaro ko kugira isuku mumadini menshi.

Baganga, Bavuzi, Bakozi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, ugutezimbere ibijanye n’isuku ni uburyo burashe bwo kwikingira indwara z’ugucibwamo, umusonga arizo ndwara zica abana benshi  kw’isi. Ugukaraba n’amazi meza n’isabuni, ukugira isuku  birakinga akandi izindi ndwara  z’urukoba ; iz’amaso ; inzoka zo munda ; umusonga hamwe n’indwara y’akamangu (grippe aviaire). Ukugira isuku vyongeye birafasha ku magara y’abarwayi  bagendana Umugera wa Sida.
ASCO iboneyeho kubibutsa kandi ko ukutagira isuku, isuku rike hamwe no kudakaraba n’amazi meza n’isabuni bituma indwara zibiza nka Choléra ; umusonga (Pneumonie), agasama (rougeole) indwara zamaso (trachome, conjonctivite), typhoïde, grippe, igituntu (tuberculose) Imibembe(lèpre), Hépatite n’inzoka zo munda (vers intestinaux) cane cane ascaridiase na  trichocéphalose hamwe n’izindi ndwara dushobora kwikingira ziyongera kubwinshi.

Mwebwe mwikorera ivyanyu ; Banyamyuga ; mashirahamwe yigenga ; ugukoresha amazi meza n’isabuni mu gukaraba hamwe no gukoresha neza utuzu twa surwumwe bibonekera mu gutunganya neza imirimo yanyu kandi mwongera mukingira ubuzima bw’abantu.
Nimugire ubushakashatsi bukangurira abantu gukoresha isabuni mukugira isuku, hamwe n’ukubaka utuzu twa surwumwe tugezweho kandi tugirirwa isuku iminsi yose muzo heza muterimbere mu mirimo yanyu. Nkako ni nkenerwa gushigikira n’ugufata mu mugongo  leta,  n’abajejwe intwaro, amashirahanwe yigenga mu gutezimbere n’uguhimiriza ivyerekeye isuku kugira abantu bagire ishusho nziza y’amashirahamwe yanyu no kuvyo mukora. 

Mukurangiza, mashirahamwe yigenga, ibiza vy’indwara zo gucibwamwo ku bana birashobora gutuma imigambi yanyu itaranguka neza uko mwari muvyiteze mbere bigasubiza inyuma imyaka myinshi intambwe y’ibikorwa mwari mugezeko.
Kugira mu vyikingire, hariho uburyo bworoshe kandi butavuna bukora neza. Nabwo ni  ugutahura ikidukundisha canke inzitizi zo gukaraba n’amazi meza n’isabuni. Iyo niyo ntambwe yambere yo gutezimbere uguhindura inyifato. Nimwebwe rero mugira amahirwe yo kwihweza neza igikundisha guhindura inyifato abantu mu mibano yanyu aho muherereye.
Tugire amahoro,  tugire umugenzo wogukaraba n’amazi meza n’isabuni twikingire indwara, tugire amagara meza !
Murakoze ; Murakoze caane !!!
UMUKURU ARONGOYE ISHIRAHAMWE ASCO
Théophile NDAYISENGA